Ukwikingira indwara mu gufungura imboga bigabanya amafaranga yo kwivuza

: 10 / 09 / 2015
DSC 2550Imboga zo mu bwoko bwa “artichaut” “betterave” na “pastèque” ni kirumara mu gukinga indwara zitandukanye zirimwo n’izigoye kuvura nka kanseri y’igitigu (cancer du foie ) kanseri y’amara ( cancer du colon), kanseri y’urwagasha (cancer de la prostate ) n’ izindi ndwara zifatira ku gitigu no ku mafyigo nk’uko bishikirizwa n’abashakashatsi mu makuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi.Ivyiza vy’izo mboga bikaba ari vyo ikinyamakuru canyu UBUMWE kiramutse kibaratira kuko mu kuzifungura abantu bashobora kwikingira izo ndwara.

Imboga zitwa “artichaut ”

Abahinga b’abashakashatsi bamenyesha ko imboga zitwa “artichaut ” ziha inguvu igitigu zo gutyorora amaraso, zikongera zikagikingira indwara ya kanseri ifatira ku gitigu ( cancer du foie). Ngo ziratuma igitigu coroherwa mu guhingura icunyunyu bita “ bile” umubiri ukeneye kugira ivyo dufungura bishobore gusebwa neza, bice bigwa neza umuntu. Izo mboga nyene ngo zirafasha igihimba gicamwo umwanda mutozigatuma gikora neza mu gukura uducafu turi muri iyo nzira hakoreshejwe vya vyunyunyu vyitwa “potassium”. Ngo izo mboga zituma kandi ivyo umuntu yihereje bimutemba neza bigeze mu mara kubera zirimwo ivyo bita “Fibres” kandi ngo zirakinga zikanarwanya indwara ya kanseri y’amara (cancer du colon). Muri izo mboga harimwo icunyunyu citwa “imuline” gikinga ya ndwara yitwa (artherosclérose). Abo bahinga n’abashakashatsi barahanura n’abapfasoni bibungenze gufungura izo mboga kuko ngo zifasha imbanyi gukura neza gushika ivuke. Amavitamine yoyo arimwo ngo ni indiri:B9, B3, B5, vitamine C, vitamine K, vitamine E na vya vyunyunyu vyitwa calcium, magnesium, phoshore, potassium hamwe na beta-carotène. Mu kuzitegura naho ngo zishobora kuribwa ari mbisi canke zitetse. Izo mboga zisanzwe zirimimwa i Bugarama mu ntara ya Muramvya.

Imboga zitwa “Betterave”

Abahinga n’abashakashatsi bamenyesha ko ubwoko bw’imboga zitwa “betterave” zigabanya rwose indwara iterwa n’ibinure vyinshi vyo mu mitsi itwara amaraso vyitwa “ cholesterol ”. Ngo zirafasha mu kugabanya ivuduka ry’ umurindi w’amaraso kuko zituma imiringoti y’amaraso inonoka, kugira nticike canke ngo ikomereke kubera icunyunyu citwa “acide folique” kizirimwo. Abahinga bahanura abapfasoni bibungenze gufungura ubwoko bw’izo mboga za betterave kuko zibafitiye akamaro. Ngo umutobe wazo urafasha cane igitigu ku kamaro gifitiye umubiri, ngo zirakingira igitigu ingorane gishobora kugishikira.Ngo ziratuma ivyo umuntu afunguye bimugwa neza, ntiyuzure inda ngo agubwe nabi n’ivyo yihereje . Uwo mutobe wa betterave nyene ngo uvanzwe n’uw’ ikaroti ngo uravura indwara y’ibinure vy’ikirenga mu mubiri (obésité) bitera indwara z’amafyigo. Ngo izo mboga zirongera zikagabanya ukubabara mu mutwe, mu menyo, amahere yo ku rukoba n’ibindi. Umutobe wa beterave ngo ni mwiza cane iyo umuntu awunyoye ubanje gukanyishwa .Muri izo mboga rero ngo harimwo ivyunyunyu bikurikira : vitamine A, vitamine C, calcium, fer na phosphore .

Igifungurwa citwa “Pastèque”

Igifungurwa citwa “Pastèque” kimeze nk’umwungu ariko kikaba kiribwa kibisi nk’icamwa. Nk’uko abahinga babisigura ku rubuga ngurukanabumenyi, ngo ico gifungurwa kigizwe n’ibintu ngirakamaro ku magara yacu. Ico gifungurwa ngo gisumvya ibindi vyose akantu kitwa “Lycopène” gakinga kandi karwanya ubwoko bwinshi bwa ya ndwara yitwa “cancer” na cane cane iyifatira mu rwagasha (cancer de la prostate), mbere ngo akamaro kayo gasumba ak’inyanya arizo tomati bisanze bizwi ko ari kirumara ku magara.Ngo kirafasha imitsi itwara amaraso kugira ngo ayitembemwo neza n’umutima ugatera neza. Vyongeye ngo kirarwanya ya ndwara y’ubuvyibuhe bw’ikirenga (obésité ), nta “cholestérole” gishira mu mitsi itwara amaraso. Ngo ico gufungurwa kirimwo kandi ya “vitamine A” iri no mw’ikaroti, iyo vitamine A rero ikaba ituma amaso abona neza. Muri “pastèque” ngo harimwo ca cunyunyu citwa “potassium” gituma umuvuduko w’ umurindi w’amaraso uguma ku rugero rwiza. Muri pastèque harimwo kandi vitamine C ifise akamaro kanini mu kurwiza abasoda b’umubiri ( globules blancs) bakinga indwara nyinshi bagatuma umubiri wirwanira neza. Kirimwo na Vitamine B6 ituma ubwonko bukora neza hamwe n’ubundi bwoko bwa Vitamine B.

Vyatororokanijwe na Louis Ntirabampa