Uburyo bwo kwa muganga bwo gutandukanya imvyaro ntibutahurwa kumwe mu madini atandukanye

Abantu batari bake ngo baratanguye kunyurwa n’uko ukuvyara abana benshi ari intambamyi mu miryango ndetse no mu gihugu cose. Naho biri uko ngo si benshi bemera gukoresha uburyo bwo kwa muganga butuma umuntu ashobora kuvyara abana yipfuza kandi ashoboye kurera. Ivyo navyo ngo abantu bamwe bamwe bavuga ko ugukoresha ubwo buryo ari icaha kuko bavyigishwa ahanini mu masengero amwe amwe usanga arongowe n’abatavyemera.

Ariko mw’ishengero ry’imvugabutumwa muri Afrika yo hagati “EEAC” ho ngo si uko babibona ahubwo ngo bama bariko barigisha abantu kwijukira gukoresha ubwo buryo kuko iyo umuntu yibarutse abana bake, yipfuza kandi ashoboye kurera biheza bigatuma hataba ingorane nyinshi mu miryango. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umwe mu bapasitori bo muri iryo shengero rya “EEAC-Kanyosha”, Marie Ntamvutsa mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo kera Imana ikivuga ngo “abantu ni bavyare barondoke nk’umusenyi wo ku kiyaga maze buzure isi”, hari hakiri abantu babiri gusa kw’isi nzima arico gituma yashaka ko barwira. Ariko muri kino gihe, abantu ngo bararwiriye ku buryo n’amatongo yahevye akaga kubera babaye benshi cane. Marie Ntamvutsa yamenyesheje ko ingaruka mbi zo kuvyara abana benshi ari nyinshi arico gituma ngo umuntu wese ategerezwa kubona ko bikenewe ko habaho umugambi ku bantu bose wo kuvyara bake bashoboye kurera.

Muri izo ngaruka mbi ngo harimwo kandi uko umuntu iyo afise abana benshi adaheza ngo ashobore kubarihira amashure bose na cane cane ko asanzwe azimvye. ikindi naco ngo n’ibifungurwa vyarazimvye, ico gihe rero ngo bica bigorana ingene ashobora kubafungurira neza ari naho kenshi uca usanga havuyemwo abata bagahunga, uri abaja gusegerereza mw’ibarabara, abaja kunywa ibiyayura mutwe n’ibindi vyinshi. Ku bwiwe rero ngo iyo umukenyezi n’umugabo bumva kumwe ivyo gukoresha uburyo bwo kwa muganga bubafasha kuvyara ku rugero ngo nta ngorane n’imwe irimwo kuko baba bariko barondera ineza y’umuryango.

Muri ico gihe ngo baba bashaka kuvyara abana bake batazobagora irera, bazigisha bitagoranye, bazofungurira neza, bakazobaronsa n’ibindi vya nkenerwa vyo mu buzima bitarinze kubahangayikisha . Ikibi ngo cobamwo ni igihe umukenyezi afashe ingingo yo kubukoresha atagishije inama uwo bubakanye. Nayo ku bantu bacibaza ko burya buryo bwo kwa muganga buheza bugatuma umuntu agira amagara mabi, Marie ntamvutsa amenyesha ko uwo bihindukiriye aba atagiye araja kwa muganga ngo bamukwirikirane nk’uko bahora babibasaba, ahubwo ngo ni vyo abantu benshi bashize mu mitwe yabo ko ubwo buryo bufise ingaruka mbi nyinshi.

Kugirango ngo abo bantu banyurwe rero ngo ni ibintu bizofata igihe, bakigishwa bikwiye. abatari bake bariko barabitahura harimwo mbere ngo n’abapasitori hamwe n’amasengero amwe amwe. Umwe mu bakenyezi basengera muri iryo shengero ry’imvugabutumwa ryo muri Afrika yo hagati, Denise Ngendakumana, yamenyesheje ko abantu benshi na cane cane abatagize amahirwe yo kuja mw’ishure aribo usanga badatahura uwo umugambi wo gukoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro kandi ngo ari nabo bakenye cane kurusha abandi.

Kera ngo abantu bararima bakimbura ari naco gituma bavyara abana benshi ariko ubu uretse ko n’amatongo yaze ngo n’uwugifise aho arima ntaheza ngo aronke umwimbu uboneka kuko ayo matongo atakimera, ugaca usanga ata mfungurwa zikwiye ziboneka zo kugaburira umuryango. Ku bwiwe, ngo naho abantu benshi bibaza ko ugukoresha ubwo buryo ari icaha ngo si vyo ahubwo ngo bari bakwiye gutahura ko icaha kiri mu kuvyara abana benshi ku muntu atagira ico abaha, ingene ababeshaho neza, ingene abigisha.

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye “scheppers Nyakabiga” Furera Joseph Vyandariye wewe amenyesha ko ku ruhande rwa Ekereziya Gatorika batemera ko abantu bokoresha uburyo bwo kwa muganga bufasha mu gutandukanya imvyaro kuko ngo kenshi na kenshi usanga bukwega ingaruka mbi nyinshi ku magara y’umukenyezi.

Ahubwo ngo uburyo bwemewe na Ekereziya Gatorika ngo ni uko abubakanye bo nyene ubwabo bogira ukwihangana mu gihe umukenyezi aba ageze mu kiringo co gusama imbanyi. Naho biri uko, ngo abarongozi benshi muri Ekereziya Gatorika nabo nyene usanga batavyumva kumwe baravye ingene abantu baguma barwirirana kandi amatongo nayo yaraze, ubukene buzura inzara mu banyagihugu aho uca usanga haca harangwa abasuma benshi mu gihugu, abana bo mw’ibarabara basegerereza nabo nyene bakongerekana n’ibindi. Ku bwa Furera Joseph Vyandariye, ngo ibintu vyo gukoresha ibiharuro ngo ni ibintu bitoroshe kuko ngo amaze kuganira n’abantu benshi bakoresheje ubwo buryo ariko bakananirwa. Ku bwiwe ngo amashengero mu butandukane bwayo, abashinzwe intwaro, barakwiye kuja hamwe bakagira ico bumvikanye gutyo bakareka abantu bagakoresha ubwo buryo bwo kwa muganga.

Estella Niyongere