Mu Nama Nkenguzamateka: Abatowe basabwa na ntaryo kwumviriza abanyagihugu

Kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2015, niho Inama Nkenguzamateka yasozera ibikorwa vyayo vyatanguye mu kwezi kwa Ruheshi. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’urwo rwego rw’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo, yabanje gushimira abakenguzamateka baheruka guheza ikiringo cabo na cane cane abari bagize ibiro kuko ngo bakoze ibintu vyinshi kandi bishimishije.

Yarashimiye kandi abakozi bo mu rwego rw’Inama Nkenguzamateka hamwe n’abamenyeshamakuru bo batahengeshanije gushikiriza ivyaranguwe muri urwo rwego. Abakenguzamateka baheruka kwizigirwa n’abanyagihugu nabo bariyemeje kuzorangura batiziganya amabanga yose bashingwa n’Ibwirizwa Shingiro . Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yasavye abandi barundi bose batowe n’abanyagihugu gushigikira urwo rwego mu kurutera na ntaryo intege.

Mu vyo bashoboye kurangura kuva kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2015, ngo barashizeho amategeko ngenderwako y’Inama Nkenguzamateka bongera barashinga imirwi bazokoreramwo bariko biga ibibazo vyose bihanze abanyagihugu. Mu bindi bakoze hariho kwimika Umukuru w’igihugu n’abandi bagize Reta y’Uburundi. Abakenguzamateka baremeje kandi ivyegera bibiri vy’Umukuru w’igihugu be na ba buramatari bagiye kurongora intara z’igihugu uko ari 18.Révérien Ndikuriyo ati aya matora yaraye arangiye yaranzwe n’ubwicanyi butagira izina.

Ni ko kubwira abitavye ivyo birori kumara umunuta w’agacerere kugira bibuke imiryango yose yabuze ababo mu gihe c’imyiyerekano. Yaciye aboneraho gutera ivyatsi abo bose bagize ubuhizi kwica benewabo. Abo bantu ngo bokwihanura, bagakubita agatima mpembero, bakitaho ahubwo ibikorwa vyo guteza imbere igihugu cabo aho kugandagurana. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yateye akamo abanyeporitike n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike kugira inyifato n’imvugo inywanisha kandi ihumuriza. Yaciye atera akamo Reta y’Uburundi kugira ibandanye igikorwa co gukura ibirwanisho mu banyagihugu batabifitiye uruhusha hamwe no kwegera abahunze igihugu c’Uburundi igaheza ikabaha ubutumwa bw’ihumure kuko mu gihugu hari amahoro n’umutekano. Ku bakenguzamateka nabo, yabamenyesheje ko muri iyi minsi y’akaruhuko bazoca baja kwiyegereza ababatoye kugira bamenye imigambi yabo be n’akoba kababakiye. Bakibaza ko mu kwezi kuza kwa Gitugutu 2015, bazokwiga mu mwanya mwiza amategeko-bwirizwa arungitswe na Reta y’Uburundi na cane cane irigenga amafaranga igihugu kizokoresha mu mwaka uza w’ 2016.

Térence Tigiri