Mu gisagara ca Bujumbura: Abikorera ivyabo barashima intambwe igezweko mu kugarukana umutekano

Abadandaza bacuruza ibintu bitandukanye hamwe n’abunguruza abantu n’ibintu hagati mu gisagara hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura barashima ingene amahoro n’umutekano biriko biragaruka mu makaritiye nka yose yo mu gisagara ca Bujumbura atahora afise umutekano ukwiye. Benshi muri bo bagasaba Reta gukora ibishoboka vyose kugirango umutekano utsimbatare ubutagisubira inyuma. Ivyo biri mu kiganiro bahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 28 Myandagaro 2015.

Nk’uko benshi muri abo badandaza n’abunguruza abantu n’ibintu bagiye barabishikiriza, ngo iyo amahoro n’umutekano birangwa mu gihugu na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ngo na Reta iraheza ikahungukira vyinshi mu bijanye n’amakori hamwe n’amatagisi aheza akinjira mu kigega ca Reta gutyo agaheza akanafasha mu migambi itari mike y’iterambere. Ariko ngo iyo mu gihugu ata mutekano uharangwa, ivyo ngo bituma abadandaza batinya ntibabe bakija gucuruza ibidandazwa vyabo canke mbere n’abafise imitahe minini bagatinya kuyakoresha gutyo Reta ikaba iriko irahomba kuko ata mafaranga aheza ngo asubire kuboneka yinjira mu kigega cayo.

Umwe mu badandaza b’ivyamwa, Jeanine Nduwimana yamenyesheje ko ashima ingene haheze iminsi itari mike habonetse agahengwe mu bijanye n’umutekano. Ngo mu minsi iheze igihe abagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu bari mw’ibarabara ngo vyaramugora ingene ava muri karitiye aza gucuruza ivyamwa hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kuko ngo ico gihe no mu gisagara barahatinya.

Muri ico gihe kandi ngo vyaramugora ingene agaburira abana kuko ataba yadandaje ngo aronke amafaranga yo kugura ibifungurwa, ngo bafungura rimwe ku munsi. Ariko ubu ngo araheza akaronka make make gutyo abana bagafungura. Ku bwiwe rero ngo afise icizere ko bizobandanya bigenda neza amahoro n’umutekano bigatsimbatara mu gihugu cose, maze vyose bigasubira mu buryo, abadandaza bagacuruza neza bagaheza bagatanga amakori neza, abakora ubundi buzi bwose butandukanye bagasubira ku mirimo yabo, abahunze bose bagahunguka, ngo niho igihugu kizoheza kigatera imbere.
Umwe mu bunguruza abantu n’ibintu, Nduwayo nawe yamenyesheje ko akenguruka kuko ngo Reta yagize uruhara rukomeye mu kugarukana amahoro n’umutekano mu gisagara ca Bujumbura, agasaba ko vyobandanya uko.

Ku bwiwe ngo umuntu yitegereje ubu hagati mu gisagara na cane hafi canke ku bituro vy’imodokari zunguruza abantu n’ibintu ngo uhasanga uruja n’uruza rw’abantu ariko ngo igihe umutekano wari wifashe nabi wasanga hera canke hakaza umuntu umwe umwe gusa. Abaganiriye n’ikinyamakuru UBUMWE bose basaba Reta kubandanya ikora ibishoboka vyose kugirango amahoro n’umutekano bitsimbatare mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu gihugu cose gutyo abanyagihugu baronke uko babaho kuko ngo badakoze badaheza ngo baronke ico bafungura n’ibindi vya nkenerwa mu buzima, eka ngo niho Uburundi bwoheza bukogorora mu vyerekeye iterambere.

Estella Niyongere